• Chaussée PL Rwagasore
    Bujumbura ,Burundi
  • Appelez-nous
    +257 22 26 52 00
    +257 22 20 65 00
  • Envoyez nous un mail
    This email address is being protected from spambots. You need JavaScript enabled to view it.

Dans l'Actualité

Ishirahamwe ABEF rivuga ko amafaranga ashirwa mu gisata c’uburimyi akiri make

Ivyo vyashikirije n’umukuru w’ishirahamwe ABEF, Audace BUKURU mu kiganiro yatanze inyuma y’inama yatunganijwe n’iryo shirahamwe mu ntumbero yo kurabira hamwe no guhanahana ivyiyumviro intererano y’amabanki mu kunagura ubutunzi bw’igihugu.

Umukuru wa ABEF,Audace BUKURU avuga ko uburimyi butunze abantu benshi mu Burundi kuko ibice birenga 90 kw’ijana batunzwe nabwo ariko naho biruko hariho amabanki atanga ingurane mu vy’uburimyi nko mu burimyi bw’umuceri,ibiraya,ibitoke,ibigazi ariko icibonekeza aruko amafaranga aja murico gisata akiri make.

Ku kibazo kijanye n’inyungu zisabwa ku madeni aba yatanzwe,uwo arongoye ABEF avuga ko hariho umugambi w’ibanki nkuru y’igihugu ujanye no gusohora itegeko rishiraho inyungu ntarengwa izokwakwa buri mu nywanyi kandi ko mu vyigwa biheruka gukorwa basanze amafaranga y’inyungu amabanki asaba kurayo madeni atari manini cane mu Burundi ugereranije n’ inyungu isabwa ku ngurane n’amabanki yo mu karere Uburundi burimwo.

 

Dr Janvier Desire NKURUNZIZA yatanze icigwa kubijanye n’uruhara rw’amabanki mw’iterambere ry’igihugu,avuga ko amabanki afise uruhara ntangere kuko hari ibintu vyinshi bitokorwa amabanki atariho kuko ariyo arondera amafaranga atangwa nk’ingurane kandi amabanki atanga akazi umukozi wayo nawe agaca atanga ikori rija mu kigega ca Reta hamwe n’inyungu amabanki atanga ku mafaranga yabahawe umutahe kandi n’amafaranga atangwa mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa vy’iterambere vy’igihugu.

Kubijanye no kutaronsa ingurane igisata c’uburimyi,Dr Janvier Desire NKURUNZIZA avuga ati :“ Ico gisata gifise ibice 40 kw’ijana vy’ubutunzi bw’igihugu hagize akarusho kigafashwa vyoboneka ko ubutunzi bw’igihugu buriko buratera imbere,gufata ico gisata birafise akarusho ariko n’igisata kitoroshe kugurana gusa igikwiye nuko hoba amabanki yofata nka nkama ico kibazo akagitorera inyishu nyayo itumbera ico gisata mu kuraba ibishoboka.”

Kugira igisata c’amabanki kigire intererano iboneka mu kunagura ubutunzi bw’igihugu,Dr Janvier Desire NKURUNZIZA asaba amabanki y’ubudandaji gushiraho ikigega co gushinga imitahe,ibanki nkuru y’igihugu nayo kugenzura neza ibikorwa vy’amabanki y’ubudandaji no gushigikira ikigega kigenewe kunagura no gushigikira abafise imigambi yo kwiteza imbere naho abajejwe intwaro akabasaba gushiraho urwego rwofasha gutorera inyishu ishobora kwibonekeza hagati y’ibanki n’umunywanyi hamwe no gufasha igikorwa co gushikana amashirahamwe yo kuziganya hamwe no kuguranana mu bice vyinshi bishoboka vyo hagati mu gihugu.

Mwomenya ko iyo nama yatunganijwe mu ntumbero yo kurabira hamwe no guhanahana ivyiyumviro intererano y’amabanki mu kunagura ubutunzi bw’igihugu yafashwe mu mugongo n’ibanki y’ubudandaji BANCOBU(Banque Commerciale du Burundi).

Publié par Vianney BIKORIMANA

 

 
 

 

 

 

 LOGO bancobu8

La BANCOBU offre toute une gamme de services financiers aussi bien pour les particuliers que pour les entreprises aussi bien pour leurs opérations domestiques que pour les opérations internationales.

En savoir plus

Abonnez-vous!

© 2018 Banque Commerciale du Burundi S.M. All rights reserved